BurundihomepageIKIRUNDI_newssecurity

Abantu 2 baraye bahasize ubuzima abandi barakomereka

Haratewe amagerenade, mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri, hagati mu gisagara ca Bujumbura iruhande y’ahahoze isoko nkuru hamwe no mubindi bice nko mu micungararo y’isoko ya Cotebu.

Ubushikiranganji bujejwe umutekano bubicishije ku rubuga rwa Twitter bumenyesha ko abantu 2 bapfuye ubwo nyene iruhande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, abakomeretse nabo bajanwe kwa muganga.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko umuntu umwe mu bateye ayo magerenade, ari no mu bakomeretse, yahagaritswe, gushika ubu amatohoza akaba akibandanya gukorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 717