homepageDonard Trumpkirundipoliticssecuritysociete

Abanyamahanga bose baba mu Burundi badakwije ivyangombwa bagiye kuronderwa birukanwe

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano n’ugutabara mu bihe vy’ibiza n’isibe OPP1 Nkurikiye Pierre yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 Nyakanga 2019, yamenyesheje atarya umunwa ko igikorwa co kuraba ko abanyamahanga bose baba ku butaka bw’Uburundi bakwije ibisabwa n’amategeko ari akazi ka misi yose k’igipolisi, kandi ngo kigiye kubandanya.

Pierre Nkurikiye akaba yemeyesheje ko abo basanze badakwije ivyangombwa baca bihuta kubasubiza iwabo. Mu mezi abiri aheze abanyamahanga bagera 138 barasubijwe iwabo, abaheruka gusubizwa iwabo mu ndwi iheze akaba bari abanyeshure 30 bava muri repubilika iharanira demokarasi ya kongo nkuko vyavuzwe n’uwuvugira igipolisi c’uburundi. Mbere kubw’uwo muvugizi ngo gusubiza iwabo abadakwije ibisabwa ni ibisanzwe kuko n’ibindi bihugu bibanyi vyama vyarungitse abarundi badakwije ibisabwa n’amategeko.

Umugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye agahamagarira abayobozi b’amashure cane cane za kaminuza, abakoresha mu buzi butandukanye n’abajejwe intwaro kuraba ko abanyamahanga baha amashure, baha ubuzi na batwara aho baba ko bakwije ibisabwa, navyo akaba ari urupapuro rw’inzira cokimwe n’uruhusha bita visa rutanga uburenganzira bwokuba no gukora hano mu Burundi.

Kubijanye n’abanyamahanga bafise ivya ngombwa vy’uburundi (nka karangamuntu) kandi batabirekuriwe ngo bafashwe bazobanza guhanirwa icaha cogukoresha impapuro za magendo imbere yokurungikwa iwabo.

Mugihe Vital Chiloza arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure bava mu gihugu ca repubilika iharanira demokarasi ya kongo yahamagariye abanyeshure bava muri ico gihugu guhagarika ivyigwa kugira biyamirize irungikwa rya benewabo 30 i kongo, umuvugizi w’igipolisi yabasavye kubanza gusoma neza amategeko narirya ari incambwenge kuko ngo hashobora gufatwa n’izindi ngingo zihambaye kuko bazoba bariko baraburagiza ibikorwa vy’igihugu atari n’icabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756