Entertainmenthomepage

Abanyarwanda barakuranwa mu minwe Kwa Kirikou Akili

Akazina ka Kirikou Akili kabandanya gakura cane, kariko gatuma uwo muririmvyi yizerwa cane n’abanya-Kigali, bigatuma banamusanga mw’ikobe kugira bakorane Indirimbo.

Inyuma yo gukorana na Kivumbi King Indirimbo bise Yalampaye uno musi ifise views zishemeye, uwo muririmvyi yarondewe na Chris Easy nawe ngo bakorane Indirimbo.

Uwo muririmvyi w’umunyarwanda ari mu bakunzwe cane I Kigali, abarizwa I Bujumbura nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Akeza abishikiriza.
Uwo muririmvyi akaba yazanywe I Bujumbura no gukorana Indirimbo na Kirikou, Kandi ngo bazoca I Bujumbura bakanakoze amasanamu y’iyo ndirimbo.
Chris Easy, ntiyizananye wenyene kuko yaje aherekejwe na Manager wiwe, aho yanahavuye aronka akaryo ko gukorana ikiganiro n’ikinyamakuru Akeza mu kiganiro Open Mic.
Hampande y’uko Bujumbura igize imisi ihurumbirwa cane n’abaririmvyi b’abanyarwanda mu kuhakorera amasanamu y’indirimbo zabo, n’abahinyanyuzi co kimwe n’abaririmvyi bagize igihe bahurumbiwe cane.
Ku mbuga ngurukanabumenyi zigurisha umuziki, ku ruhande rw’igihugu c’Urwanda, abaririmvyi b’abarundi n’indirimbo zabo bari bagize igihe bataboneka mu gitigiri c’abaronderwa cane, canke bumvirizwa cane, ariko ubu bakaba bagize igihe bari hafi cane mu biharuro.
Abaririmvyi Kirikou Akili n’indirimbo yaririmvyemwo Yalampaye, Double Jay n’indirimbo yakoranye na Kenny Sol, hamwe na Drama T n’indirimbo Madam bakaba bagize igihe babarizwa mu ndirimbo 50 zakunzwe cane buri musi, canke mu ndirimbo 100 zakunzwe buri ndwi muri ico gihugu ku rubuga rwa Boomplay.
Nkuko twari twabishikirije mu makuru aheruka twabashikirije, ibi bikaba bica vyerekana ko abaririmvyi bacu, bariko barisubiza umutamana mu karere, ariko Kandi bigaca biboneka ko bari ku kivi, naho atari bose.
Ukwo kuboneka kw’abaririmvyi bamwe muri ico gitigiri bikaba vyerekana ko abaririmvyi b’abarundi bariko barakora, amajwi yabo agashika hanze y’igihugu, baharuye ku ntoke, ibica bituma vy’ukuri habamwo ukwibaza igihe abo baririmvyi bazikangurira bakabona ko gusohoka igihugu ari ngirakamaro cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707