Entertainmenthomepage

Abo Kwa Big Fizzo, Real Madrid bayigereranije na Team R Flow

Urukino rw’umupira w’amaguru rwaraye ruhuje imigwi Real Madrid na Man City, rwaraye ruhombeje benshi, rutwenza abandi.

Mugani Desire akoresheje imbuga nka Whatsapp yanditse yishongora ku bafana ba Real Madrid yaraye itsinzwe ibitsindo 4 ku busa na Manchester city.
Stories ziwe za Whatsapp zabashije kuboneka, yanditse abwira abo muri Real Madrid ngo :” Felicitation Real Madrid nabonye ubu Ngangari bwanyu. ” Yongerako ngo:” Mbe Bavuga gute 🤔 Ni Hala Madrid canke Hora Madrid 🙈🙈🙈🤣🤣🤣.”
Ntiyabagarukirije ngaho, kuko yaciye ashiramwo n’amazina y’abafana b’uwo mugwi, aho habonetsemwo aba Promoter, abaririmvyi. Yagize ati :

” Simplice, Romaric, Jacho, Cycy, Christian, Prince, Cesar, Black G, Mista Champagne, Umba, Toussaint, Arnovic,… 🤣🤣 Weyayu???? Barabahwase bimwe vy’akajembegete. ”
Nkuko y’ama muri wa mugenzo nyene wo gutwenza, Big Fizzo yaciye avuga ko ico gikorwa cari gihejeje yahavuye aca agiha izina rihanisha mu kajambo bakunze kumwita, aho yavuze ko citwa :” UGUHWATWALOGIE.”
Wa mu Promoter wa Big Fizzo nawe nyene mu gusangiza abafana b’iyo nararibonye ivyo yarahejeje gushikiriza, yaciye avuga ko yifatanije n’abafana ba Real Madrid, ngo nibihangane nka kurya Team ya R flow yihanganye umusi bayihwata. ico gihe bakaba batsinzwe na Team Big Fizzo.
Mukamenya ko Big Fizzo asanzwe ari umufana akomeye w’umugwi wa Fc Barcelona wo muri Espagne nyene, akaba anafise n’imipira y’uwo mugwi isanzwe yanditsweko izina ryiwe. Akaba igihe wa mukinyi rurangiranwa Lionel Messi akiri muri Fc Barcelona yafata Numero yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 705