abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Amissi Tambwe munzira yo gusezererwa muri Singida Big Stars

Umukinyi w’umusatirizi wa kera wa Aigle Noir Cs hamawe na Vital’o Fc Amissi Tambwe muri kino gihe akinira umurwi wa Singida Big Stars wo muri Tanzania ashobora gusezererwa muri uwo murwi.

Ku makuru dukesha ikimenyeshamakuru Mwanaspoti co muri Tanzania avuga ko umurwi wa Singida Big Stars uriko wipfuza kuvavanura n’abakinyi ubona ko atakamaro bafitiye umurwi wabo .

Muri abo bakinyi hakimwo Umurundi Amissi Tambwe hamwe n’imu nya Brezile yitwa Dario Frederico muri kino gihe ariko yivuza iwabo .

Amissi Tambwe akaba yari kuva muri uwo murwi wa Bumamuru Fc mu gihe c’igura n’igurishwa ( Mercato) .

Mwomenya ko Amissi Tambwe yigeze gukora amateka ari kumwe n’imirwi ya Simba Sc hamwe na Young Africans aho yashoboye gutsindira iyo mirwi ibitsindo bitari bike aranarangiza ari n’umusatirizi mwiza yinjije ibitsindo vyinshi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 318