BurundihomepageJusticekirundi

Abanyororo 5255 bo mu mabohero atandukanye bagiye gutezurirwa

Abanyororo bapfungiwe mu mabohero ari mu ntara 10 bagera ku 5255 bagiye gutezurirwa ku bw’ikigongwe c’umukuru w’igihugu.

Abo banyororo bakaba ari abari bakatiwe umunyororo w’ugupfungwa imyaka iri musi canke ingana n’itanu ku vyaha bitandukanye havuyemwo abagirizwa ihonyabwoko, ivyaha vyo mu ntambara, ukwiba hakoreshejwe ibigwanisho, ugutunga ibigwanisho bicira umuriro utabifitiye uruhusha, ukuja mu mihari igwana, ukubangamira inzego za Reta, ukwica umuntu wabiteguye, ugufata ku nguvu, iterabwoba, uguhohotera ikiremwa zina muntu, “mercenariat” hamwe n’urudandazwa rukorerwa abantu (Traffic humain).

Muri abo banyororo bagiye gutezurirwa, 104 ni abari mw’ibohero rikuru ry’i Bubanza, 114 bo mw’ibohorero rikuru ry’i Bururi, 599 bo mw’ibohero rikuru ry’i Gitega, 1649 bari mw’ibohero rikuru rya Mbimba, 352 bo mw’ibohero rikuru ry’i Muramvya, 269 bo mw’ibohero rikuru ry’i Muyinga, mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi abagabo 740 hamwe n’abapfasoni 56, abanyororo 633 mu ntara ya Rumonge hamwe n’abanyororo 489 mu ntara ya Ruyigi.

Ivyo biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/041 ryo kuwa 5 Ntwarante 2021 ritegekanya ikigongwe c’umukuru w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764