BurundiEntertainmenthomepageIkibanokirundimusic

Abapadiri ngo bari mu bahombeje igiteramo ca Alikiba kuri EFI

Mu gihe amajambo ari menshi ku biheruka kuba ku giteramo ca Alikiba I Bujumbura, umwe mu babiteguye, DJ Fanny, yatanze umuco gato ku vyatumye urwo rugendo rwa ALikiba rutaba nkuko vyari vyateguwe.

Abapadiri ngo nabo bari mu batumye ico giteramo co kuri EFI kitagenda neza, aho yavuze ko hari umwanya babasavye guhagarika umuziki kuko ngo bagira baje gusenga, ariko kandi mu masezerano bari bagiranye bitari birimwo.

Muvyo yabashije gushikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Fanny yanavuze ko abarundi bakunda kwitabira ibiteramo amasaha yitereye, ngo imvura nayo yahavuye igwa ituma ibintu bitaandanya.

Yagize ati: “ Bujumbura abantu bakunda kuja mu biteramo mw’ijoro, mu nyuma imvura ica iragwa,iheze abapadiri baca baranka ko tubandanya ngo kuko batanguye gusenga kandi mu masezerano batigeze batubwira ko hari umwanya wo guhagarika umuziki.”

Muri ivyo bibazo yabajijwe kandi yabajijwe ikibazo ku ndirimbo yavuzwe hagati ya Sat-b na Alikiba, aho yavuze ko ata ndirimbo yabo ihari. Aho rero hakaba hasigaye kumenyekana ko abandi bose bifotozanije muri irya misi yabarizwa hano iwacu, hari ikintu basi boba barabiyazeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 761