homepagesociete

Abarundi barenga 1400 bapfungiwe mu ntara ya Kigoma muri Tanzaniya

Abarundi bangana na 2890 nibo bahagaritswe bagiye kurondera ubuzima mugihugu ca Tanzania kuva mukwezi kwa Rusama (5) gushika mukwezi kwa Munyonyo(11) 2023. Abo bakaba ari abafatiwe muntara ya Kigoma gusa, nkuko vyemezwa na Novatus Dawson ajejwe igisata c’abimukira muri iyo ntara.Muri abo, 1405 bakaba bashikirijwe inzego z’ubutungane,abasigaye nabo bagarukanwa muburundi.

Ivyo vyavugiwe munama na ba buramatari b’intara z’Uburundi zihana urubibe n’igihugu ca Tanzania kuri uyu wa kabiri muri komine Nyanza-Lac yo mu  intara ya Makamba , inama yarigamije kurabira hamwe ivyapfunditswe munama baheruka kugirana muntumbero yo gukomeza umubano mwiza hagati ya Tanzaniya n’Uburundi. Muri iyo nama abarongoye izo ntara z’Uburundi bavuze ko hacibonekeza abarundi bakwa utwabo canke bakirukanwa badahembwe bagiye kurondera ubuzima muri ico gihugu .

Kuri abo kandi ,hiyongerako abakenyezi b’abarundi bubakana n’abagabo b’abatanzaniya munyuma abo barundikazi bakirukanwa n’abo bibarutse umugabo agasigara muri ico gihugu.

Muri iyo nama,uyo ajejwe igisata c’abimukira muri iyo ntara ya kigoma Novatus Dawson, yavuze ko ikibazo c’abanyagihugu baja kurondera ubuzima mubindi bihugu atari ic’Uburundi na Tanzaniya gusa ,ariko ari ic’isi yose. Novatus anegura ariko ko mubahagaritswe muri ico kiringo, harimwo n’abana batarakwiza imyaka 18,aho abagera ku 475 bahagaritswe mugihugu cose. Abona ko kugira abarundi baja kurondera ubuzi muri ico gihugu boroherwe ari uko Reta y’uburundi yobaronsa vyoroshe impapuro z’inzira z’ikiringo kitari munsi y’amezi atatu. Muri iyo nama kandi ,abarongoye intara z’uburundi zihana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya bakaba basavye ko abarundi bapfungiwe muri ico gihugu borekurwa.

Inkuru yanditswe na Egide Nahayo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 672