BurundihomepagekirundiPolitique

Abarundi bibutse imyaka 27 irangiye hagandaguwe incungu ya demokarasi

Abarundi bibutse kuri uyu wa gatatu imyaka 27 irangiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, hari kuwa 21 Gitugutu mu 1993. Perezida Ndadaye Melchior yashimikira k’ukwubahiriza agateka ka zina muntu kuri bose.

Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu, yagandaguranywe n’abamufasha nk’umukuru w’inama nshingamateka n’icegera ciwe. Urwo rupfu rukaba rwakurikiwe kandi n’ubwicanyi bw’abarundi benshi.

Mu nkuka y’imisa yo kuri uyu wa gatatu, Musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura ya hamagariye abarundi kwubaka Uburundi buzira akarenganyo, agasuzuguro n’ubwicanyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764