BurundiEducationhomepagekirundi

Abarundi biga mu Rwanda bariko basubira ku mashure

Nkuko amakuru dukesha bamwe mu banyeshure biga za kamenuza muri ico gihugu abishikiriza, ngo ubu birashoboka kwinjira mu Rwanda utarinze guca mu kirere, ariko ivyo ngo bigakunda ku banyeshure.

Aho ni mu gihe abenshi mu babashije gutaha igihe amashure yahagarara mu Rwanda bataciye kuri uwo mupaka, kuko wari wugaye. Abo twabashije kumenya baciye ku mupaka Urwanda ruhana na Tanzania, noneho bakabona kwinjira i Burundi binjiriye ku wundi buhana n’ico gihugu ca Tanzania.

Ingingo yo kworohereza abanyeshure, abaganga n’abadandaza bahurikiye mu mashirahamwe nayo yarafashwe ku ruhande rw’Urwanda na Congo kugira hugururwe uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu, nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Bwiza.com abishikiriza. Ivyo bikaba bibaye inyuma y’amezi 7 uwo mupaka ufunze.

Ingingo nkiyo ari nka hamwe ifashwe ngo woba ari umunezero ugeretse ku wundi, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’abenegihugu baba mu ntara ya Cibitoke ihana urubibe n’igihugu c’Urwanda, inyuma yaho bumviye ko hari Inama y’ukuraba uko imigenderanire y’ivyo bihugu yosubira kunaguka, nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Isanganiro abishikiriza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764