BurundiHealthhomepagekirundisociete

Abasabira ko nabo boza baravurwa kubuntu

Abanyamwema bo mu Burundi ngo bahanzwe n’ibibazo vyinshi cane cane  indwara zo ku rukoba, kudafatwa neza mu kibano no mu mashure hamwe no kwirukanwa mu ngo kw’abakenyezi baba bibarutse umwana w’umunyamwema.

Ivyo ni ibishikirizwa na Anicet Bangirinama asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abanyamwema mu Burundi akaba yabishikirije igihe umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yari yagendeye intara ya Ruyigi, ahari haramutse haba isekeza ryo guhamagarira abanyagihugu kudakumira abanyamwema mu kibano.

Ku ruhande rwiwe, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yahamagariye abanyagihugu bose gufata umunyamwema nk’uwundi muntu wese. Angeline Ndayishimiye yasavye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kuraba ko abanyamwema bovurwa ku buntu indwara zo ku rukoba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765