BurundihomepagekirundiPolitique

Abashingamateka bemejeje ibwirizwa rigenga abakozi n’akazi

Integuro y’ibwirizwa isubiramwo ingingo tegeko igenga ivy’abakozi n’akazi mu Burundi, yizwe kandi yemezwa ijana kw’ijana n’Inama nshingamateka kuri uyu wa kane igenekerezo rya 22 Gitugutu 2020.

Zimwe mu ngingo ziri muri iyo nteguro ni izi zikurikira :

-Imyaka yo kuja gukukuruka igiye kuva ku myaka 60 ije kuri 65

-Abakozi bakorera abikorera utwabo, abakozi babayabaye nk’abakozi bo mu nzu, n’abandi bazoronka amasezerano yanditse abagenga kandi bazokingirwa

-Ayo masezerano, co kimwe n’iri bwirizwa, bizoba vyanditse mu rurimi rw’ikirundi kugira bose babitahure

-Abakenyezi nabo bakora mu gisata c’abikorera utwabo bagiye mu karuhuko ko kwibaruka bazobandanya baronswa igice c’umushahara bahora baronswa gushika ako karuhuko karangire

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764