Burundihomepagekirundisecurity

Abasirikare bahamagarirwa kwirinda kuja mu bunywero

Umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba ahamagarira abasirikare kwirinda kuja mu bunyero ngo kuko biri mu bituma barasa abantu bahahurira.

Alain Tribert Mutabazi yabishikirije mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2021 igihe yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca gatatu c’umwaka w’2020 ushira uw’2021.

Bibaye mu gihe abantu bagera kuri batatu bishwe barashwe n’abasirikare mu kiringo kidashika indwi zitatu, umwe akaba yishwe arashwe mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante ku Musaga mu gisagara ca Bujumbura uwundi yicirwa ku Mukoni mu ntara ya Muyinga kuwa 6 Ndamukiza nayo uwa gatatu akaba yishwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri ku bunywero bwiwe i Gihanga mu ntara ya Bubanza.

Mu vyo ubushikiranganji bwaranguye, Alain Tribert Mutabazi yamenyesheje ko ibikorwa vyo gushira amatara n’amazi mu bigo bibamwo abahoze ku rugamba bigeze ku ntambwe ishimishije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764