HealthhomepagekirundiWorld News

Abirabure ngo nibo bariko bicwa cane na Coronavirus muri Amerika

Abirabure b’abanyamerika – Afro-americain- nibo benshi bariko barahitanwa n’ikiza ca COVID19 muri ico gihugu kiza mu kibanza ca 1 mu bihugu birimwo abantu benshi bamaze gufatwa n’iyo ngwara, kandi kikaba n’ica mbere kirimwo abantu benshi banahitanwa nayo.

Ibiharuro vyerekanywe n’abajejwe amagara y’abantu muri Leta ya Illinois vyerekana ko 40% b’abariko bitaba Imana ari abirabure, mu gihe bari musi ya 15% muri iyo Leta. Ivyo nyene nivyo biboneka muri Michigan na Louisiane aho 60% y’abitaba Imana kubera ico kiza ari abirabure. Ibiharuro bikaba biteye ubwoba mu gihe ari ama Leta amwe amwe amaze gushira ahabona ibiharuro vyabo.

Ubwo busumbasumbane mu gitigiri c’abitaba Imana bukaba bumaze kwemezwa no mu biro vy’umukuru w’igihugu Donald Trump, aho bavuga ko ari ikintu bariko barigako kugira barabe uburyo vyohinduka. Bakavuga ko bariko bararondera uburyo bafasha izo Community z’abirabure muri ico gihugu.

Umuganga yayaze na France 24 yemeza ko muri ico gihugu abirabure n’abazungu badafashwe kumwe haba mu bijanye n’ubuzima busanzwe, co kimwe n’uburyo bivuza, ari naco gituma biboneka ko muri kino gihe bariko bakorwako cane na kino kiza, gusumba abazungu.

Ukwo guhona bukebuke kuboneka muri abo birabure kukaba kuva mu bintu vyinshi birimwo ko ubuzi bakora ari ubuzi butuma badashobora kuguma mu mazu muri kino gihe, kuko aribo bakenewe cane gusumba abandi. Ikindi nuko abo birabure badashobora kwivuza kuko ata bwishingizi bwo kwa muganga abenshi bafise, n’ubwo bafise bukaba butabafasha kwivuza nkuko bikwiye. Ikindi umuhinga muvya Histoire yavuze nuko abirabure muri amerika Aribo bafise ingwara zikomakomeye nkaza Diabete, imitima n’ibindi, izo nazo abazigwaye abakaba aribo baza imbere mu bahitanwa n’ico kiza.

Kubera ico kibazo c’uko abirabure baza mu kibanza ca mbere mu bariko bahitanwa n’ico kiza, ishirahamwe ryiyemeje guharanira agateka k’inkehwa muri ico gihugu ryasavye abajejwe amagara y’abantu mu ma leta ko boshira ahabona ibiharura ku vyerekana neza uko abantu bariko bapimwa co kimwe n’uburyo bariko bakingirwa.

Tubibutsa ko gushika ubu abantu barenga 2.000.000 bamaze gufatwa n’ico kiza, abarenga 300.000 bakaba babarizwa muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Ico gihugu nyene kikaba ari naco gifise abamaze guhitanwa n’ico kiza benshi kuko mu 134.669 bamaze guhitanwa nayo barenga 28,554

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755