BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Abirengagizwa hano iwacu ngo si abava mu miryango ikenye gusa

Imwe mu myidogo hano iwacu mu baririrmvyi n’uko badashigikirwa kuko ata buryo bafise, ariko bwabundi ngo n’abitwa ko bavuka mu miryango yifise nabo nyene ngo harimwo abadashigikiwe kandi ngo bari babikeneye.

Umwe mu bashize ahabona ako kababaro yagize akiri muto ni Preeze 36 aho yavuze ko agitangura umuziki afise imyaka 16 canke 17 ngo hari abamenyeshamakuru bamwe bamwe batamuhaye nirwere ngo kuko avuka mu muryango wifise.

Yagize ati : “Kuri Jewe ngitangura uno muziki, nkiri umwana mutoya 16, 17 ans ugasanga ama radio amwe amwe canke abamenyeshamakuru bamwe bamwe ntibemeye kumfasha ngo uva hariya mu basi, kandi ugasanga nta n’ubwo bu boss bwa hatari, ni juste nyene kuba uva muri ako gace, ni juste kuba ubona ngo ari mu Life imeze gutya.”

Uwo muririmvyi muri ico kiganiro yagiranye na Juste Gael ku Mukubito, akaba yanaboneyeho akaryo ko gusaba abamenyeshamakuru ko batokwirengagiza umuntu ngo kubera aho ava n’ico ari, ariko boraba igikorwa afise.

Uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe abava muri iyo miryango bafata inzira y’ibijanye n’umuziki baharurwa ku ntoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721