Entertainmenthomepagekirundi

Alvin Smith na 1xbet ni nk’inkoko n’akagomba

Alvin Smith adahawe amafaranga na 1xbet nkuko bariko barabikora ku bandi baririmvyi, ashobora kudasubira Kandi kugira ico avuze Kuri iyo Company ifasha abantu gutigira ku nkino ziba ziriko ziraba.

Uwo muririmvyi w’umunyabuterere, ari mu bafana ba Real Madrid baraye barira buraca, ariko we ukurira kwiwe kukaba kutari kworoshe kuko yarijijwe na 2.
Hampande yo kurira kuko batsinzwe, yanarize kuko yanahomvye amafaranga y’aka rasiyo yari yashize Kuri uwo mugwi ngo uraza gutsinda.
Akoresheje urubuga rwa 1xbet, Alvin Smith ku musi w’ejo imbere yuko uwo mugwi wo muri Espagne ukina, yari yashatse amafaranga 10,000fbu, Kuri uwo mugwi avuga ko ariwo uza gutsinda.
Kuri Post yakoze ku rubuga rwa Whstapp, Alvin yari yamenyesheje ko akaramuka atariye muri iyo Betting yiwe, ngo rizoba ribaye irya nyuma ashira amafaranga muri ako kamari.
Ivyabaye, abatari bake batabimenye, nkuko abarundi bayamaze ngo nta wuhisha umwotsi inzu iriko irasha, ibitsindo 4, ntivyari kugenda bitamenyekanye, na cane cane ko bariko baranawuraba.
Uwo muririmvyi wa Ndakadame, mu gatondo ko Kuri uyu wa Kane, yazindutse arafuta Application y’iryo shirahamwe yarasanzwe afise muri telephone. Ubutumwa bwaherekeje Video yasangije abamukurikirana ni “Bye”.
Kuri urwo rubuga nyene uwo muririmvyi yavuze ko amafaranga yariwe muri ako kamari yakinye Kuri 1xbet ngo yari ayo gufungura, none uno musi aza kuja kurondera utwo yihereza iwabo mu buterere. Ubwo butumwa akaba yabutanze ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Kuri iyo Video habonetse ko Alvin Smith yaramaze gukora ama pari nkuko bakunze kuyita mu kinyamazuru 6, ariko amwe muriyo akaba yaramaze kuyatsindwa, Kandi bikaba vyabonetse ko ariyo yari yashizeko ay’amahera menshi cane.
Hampande y’iyo Kuri Real Madrid yari yashizeko 10,000, habonetse iyindi yari yashizeko 20,825 aho yari yakinye ku mukino wa Tennis wabereye I Addis Abeba.
Ibi bikorwa vyo ku betting bikaba vyijukiwe muri bino bihe, na rirya hariho abamaze kubironkamwo amafaranga atari make, ariko n’abo ayo bashiramwo akaba atari ayo guta Munda nsa.
Mu mwaka uheze, hari uwavuzwe na Yaga Burundi yatsindiye Imiliyoni 3,600,000 akoze paris 2 gusa. Ico gihe uwo muntu atashimye ko bamushira mu binyamakuru yari yashese nawe ayarenga 1,800,000 Kuri izo Pari 2 nyene.
Mu kiganiro yabahaye akaba yavuze ko atari ivyo gukora uwariwe wese, kuko bisaba kubanza gushishoza, Kandi ngo iyo uyashizeko ntuba uzi ko ari bugaruke.
Ico gihe uwo muntu akaba yamenyesheje ko we muri izo 2 yakoze, yahomvye 1, ariko arya iyindi. Nkuko ico kiganiro cabishikirije, uwo Mugabo yashize 1,000,000 ku mugwi 1, ashira 800,000 ku wundi mugwi, Kandi iyo migwi yose n’iyo yariko irakina.
Ubwo rero abakunzi b’ico gikorwa ca Betting, murabe maso ntimuze muhave musanga mwabaye nka wa mugabo yasanga yashize umushahara yaravuye guhembwa muri Casino, birangira ariwe yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753