Entertainmentfashion&stylehomepagekirundisociete

Adjobalove ngo imyumvire y’abantu niyo yari yamubujije Kuronka ifaranga.

Ukutabona kumwe umuderi w’ubusage kw’abantu ni kimwe muvyabuza Adjobalove kubona ifaranga.

 

 

Mu myaka iheze babonye umuntu afise ubusage (Dreadlocks)yafatwa nk’umunywa rumogi ndetse nk’igitandero, ariko ngo mur’ino myaka abatari bake baramaze gutahura ko ari umwe mu muderi myiza abantu bashobora gukoresha.

Umuririmvyi Ismail azwi cane kw’izina rya Adjobalove wo mu diho wa Reggae yasubiye mu mwuga wo gukora imishatsi (Dreadlocks) igikorwa yahora akora mu myaka yahera.Amaze kubona ko isuka yiwe yakoresha mu mwuga wiwe wu muziki bayimwambuye, iyo ari  yaciye afadikanya umwuga wo kuririmba nuwo gukora imishatsi mu ntumbero yo Kuronka amahera yo kwibeshaho ndetse no kuja muri Studio.

Si ugukora imishatsi gusa kuko n’umwuga wo kujisha ntiyawushizinyuma akaba ajisha n’inkofero, zaba zo kuryamana ndetse nizo gushaza.Kuri uwo mu nyamideri ngo abona inyungu nini kuko avyigisha abandi bakabona nabo kwitezimbere.Ni muri ico kibanza nyene agurishirizamwo indirimbo ziwe(DVD),akabakoreramwo imyimenyerezo yo kuririmba no kuvuza igitari(répétitions).

Uwo muririmvyi muri kino gihe akaba abarizwa muri kimwe mu bisagara biri mugihugu kibanyi ca Rwanda, ari naho habarizwa izu y’imideli bakoreramwo(saloon de beauté) IANOA Saloon iri mumuji murigari  I ANOA SALOON muri Downtown building umuryango F19.Akanaboneka no ku gahamagazo kiwe, eka no ku mbuga ngurukana bumenyi nka whatsapp na gmail ( +250789396637 ,Email: adjobalovemusic@gmail.com )

Mwomenya ko umwuga wo gukora imishatsi Adjobalove awufisemwo uburambe bwinshi kuko yanawukoze akiri ku mugabane wa America ukamutunga kandi akanawufadikanya no kuririmba ndetse no gukora ibiteremo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770