homepageDonard Trumpkirundipolitics

#Afrique du Sud|Zenophobie| Ibihugu bibandanya gutera ivyatsi ubwicanyi butagira izina

Mu micungararo ndetse no mu gisagara hagati i Johannesburg ubutunzi butegukira abavuka gihugu ba Africa yepfo bwarasahuwe urukombamazi abantu baricwa bunyamaswa kuva mu mpera z’indwi twaraye duhejeje.

Iyo nyifato y’abanyafrica yepfo ikaba iriko iterwa ivyatsi n’abarongoye ibindi bihugu vy’africa.
Kuri uwu wa kabiri kw’igenekerezo rya gatatu Nyakanga(09) abarongozi b’igihugu Nigeria bakaba biyamirije ibitero vyakozwe ku bavuka gihugu baba muri Africa yepfo.
Uwundi atera ivyatsi? akanamirira kure ubwo bwicanyi akaba ari umunyamabanga mukuru wa Leta z’unzubumwe z’Africa Moussa Faki Mahamat.

Ibihugu nka Repubilica iharanira demokarasi ya Congo(RDC), Malawi, hamwe n’u Rwanda bikaba vyafshe ingingo yo kutitatabira ihuriro ridasanzwe ryo kurabira hamwe ivy’ubutunzi muri Africa yaritegekanijwe kur’uwu wa gatatu i Cap.
Ndetse n’ibihugu bibanyi vy’ico gihugu nka Botswana na Lesotho, bikaba vyagabishije abavuka bihugu vyabo ko bokwirinda ingondo zitihutirwa bokora murico gihugu.
Ku makuru dukesha ikimenyeshamakuru Rfi nuko abayamiriza iryo kumira n’itotezwa rifatiye ku moko (Zenophobie) baguma biyongera narirya atari iryambere biba murico gihugu.

Barasahura bakica nta nigitabara.
Ku bwa Daniel Byamungu wo mw’ishirahamwe Right to now(le droit du savoir ) ngo birateye ubwoba, Kandi birarenze ukwemera, n’ikumira ririmwo ihohotera ritagira izina.
Akabona ko bishobora no kuba bibi cane gusumba mbere kuko ubwo bwicanyi biboneka ko atanumwe aseruka ngo abwiyitirire avuge nico agamije gushikako.

Urwego rw’igi police muri ico gihugu rukamenyesha ko rumaze guta muri yompi abagera ku 200 Kandi ko iyo nkumbi imaze kwiha abagera kuri batanu bapfuye mu bintu birasobanutse neza.
Kuri uwu wa kabiri umukuru w’ico gihugu Cyril Ramaphosa akaba nawe yarateye ivyatsi iryo hohoterwa akamenyesha ko badashobora kuryihanganira nagato.
Ariko nubwo biruko amashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu bo babona ko iyo ngingo yiwe yaje iteba kandi akaba atanubushobozi bayibonamwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755