BurundikirundiSpirituality and progressyouth

Agakura: Mwarimu we, muranyigisha na bino!

Isanamu ngereranyo ry’abana bagiye kwungura ubumenyi

Hambavu ya bino twozaniwe na ba Kavamahanga, urazoheza unyigishe na bino Mwarimu we!

Ndosea ubumenyi bw’ukumenya ico ndi. Nyigisha ukuzokwama nitwararika kumenya ico naje gukora kuri ino si. Uraguma unyibutsa ko nokwama nzirikana y’uko aha kuri ino si, ndi rudende rwa nege muri kameremere yanje, kandi ko atawundi muntu n’umwe kuri ino si ameze nkanje ari naco gituma hariho ikintu naje gukora atawundi yogikora nk’uko nogikora.

Mpa inyigisho zizontera kuba intambwe( Lion) hakuba intama ( Mouton), muri rino shamba ry’ubuzima, gutyo bizonfasha kwama nibuka ko ndi giswi cinobera, numve ko nshoboye ukubaho ntabanje kuzera inze canke ntabanje kweza amaso Leta canke abandi bantu kugira ngo mbeho.

MUrambasha inyigisho nyabuna zijanye n’umushaha, maze gutyo ubwonko bwanje bwige gukuikira ubushake bw’umushaha, hako biba ibihushanye ngo, mpave nsanga ndiko ndakwirikira ibihenda amaso.

Nyibutsa y’uko “ubwenge” atari ugufata ku mutwe urutonde rw’amazina y’inzuzi n’imisozi vyo muri America ( mu kiringo bo benshi muri bo batazi n’Igihugu cacu), nyabuna munyigishe ko ubwenge ari ubushobozi bw’ugukoresha ibinkikije nkabitumbereza mu kumpa inyishu z’ibibazo bimpanze. Mu nyigishe ko, naho noba nize ibiharuro kitobuza kandi nokoroshe izindi mpano nkaba n’ikindi mbere akaba arivyo bintungira ubuzima kurusha.( Umudandaji canke n’ibindi).

Na canecane kandi muntumbereze ku bijanye n’agaciro “buntu”. Mumbashe canecane ibijanye n’inyifato intandukanya n’ibikoko. Munsigurire inkurikizi y’ikibi , mumbarire ko ikibi canke arico caha ndagikoze aba ari jewe nyene nisogose gutyo noye kwibaza ngo reka nigire ahikinze nikoze utwo nshaka ko atawumbona nk’uko umengo ,ico bintwara sico kinini kurusha ibitwara abandi.

Munfashe na canecane munyigishe umutima w’urukundo, mu nyibutse ko urukundo nyarwo atari uruhagaze kuri mpa nguhe, nyabuna munyereke ko urukundo nyarwo ari urutanga rutarindiriye insubizo( Amour inconditionnel).

Mu kanyigisha neza ivy’urukundo , kandi mukananyibutsa ko urukundo arico mbere kizonteza imbere kurusha n’ibi vyose munyigisha, gutyo muzoba musasiye indava izindi nyifato zijanye n’urukundo nk’ukurekurira abangiriye nabi, uguhamba akahise kakambera ingazi nyabuna z’ukuduga mu mataba y’imisozi.

Gutyo nzoheza ninakure nze mpeze ngire imibano myiza n’abandi, ngire ukwihangana, mbere uwungiriye inabi ndamubone nk’uwugowe hukarara ntibuca ngo ndamwihore.

 

Mumbashe inyigisho z’umushaha( esprit)…

What's your reaction?

Related Posts

1 of 504