homepagekirundi

Agashavu niko kagaragara mu mvugo ya Natacha aho yashika i Bujumbura

Inyuma yo kumenyekana ko atakibonetse mugiteramo ca Cristal Events ciswe “Sheeba Vip Concert” abarizwa hano mugisagara ca Bujumbura kuva kuri uyu wa 24 Ndamukiza 2019. Uwo nawe si uwundi ni Natacha NGENDABANKA

Aho yashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura yasanze abanditsi n’abamenyeshamakuru bamutegereye aho vyamushimishije cane. Natacha kaba ashitse mugihe hari zuguruzuguru kwisiba ryiwe mugiteramo ca Cristal Events

Bimwe mu bibazo vyagarutse hajemwo yuko yoba yemeye guhomba ukuririmbana kubutambiro (Stage) na mugenziwe wo mugihugu ca Uganda Sheeba Karungi basanzwe baranakoranye indirimbo babatirije izina rya WANGU.

Natacha yagize ati: “Nibaza ko Sheebah ari umuririmvyi muto kuri jewe kubwivyo sinorutisha agaciro kanje kuja kuririmbana nawe kanatsinda igikuru nuko maze kuririmbana na Fally ipupa rero Sheebah twamenyanye kuko namurishe. Indirimbo ni rwanje nayirishe amahera kubwivyo ninaje ndayifiseko ububasha ntanashobora kuyiririmba kuri Stage atabinsavye.”

Natacha abandanya avunga ati: “Sheebah n’umugenzi niyaza tuzosangira tuzoyaga kuko nubu yabanje kumbaza ko niyashika azombona tuzobonana tukaganira nanje ntanzigo nabishizemwo naramwemereye nti ego vyose ni sawa”.

Ariko naho biri uko Natacha mumvugo yiwe habandanije habonekamwo agashavu kubatunganya ibiteramo aho yagize ati : Nibahe agaciro abaririmvyi b’abarundi nk’uko bagaha abo bava hanze twe dushaka ko batumenya ntiboza bashaka kumanura amazina twubatse umwanya munini kuko tunabishiramwo amafaranga; mbe hoho Sat-b yosaba Paulin arihe uwumukorera makeUp mwibaza ko yomuha na cumi? Ariko uwuzoyigirira Sheebah niwe amwizaniye kandi agiye kurihirwa n’indege, jewe nka Natacha wotuma unyima agafaranga kawe ariko agateka kanje nkakagumana”.

Akabandanya asigura ati : “uburyo sintambamyi kuko murundi yari yandishe neza akaba ari naje narishwe menshi mubaririmvyi b’abarundi ariko ukutumvikana biturutse kukantu gato bikananirana gukemurwa.

Aho mwomenya ko mwijambo ryagaruka cane ryari “dukwiye gukora cane batumenye ibindi bihugu bakamenya umuziki w’Uburundi nkahandi”

Natacha abandanya asaba amasengesho kuko ngo ivyuma vya Television yiwe biri munzira ngo naho vyoteba ariko bigashika hokorwa igikorwa ciza vyonafasha kuko iyo abanyamahanga basaba kuvuza abaririmvyi babo kuri media yiwe nawe yosaba kubanza kuvuza umurundi yabituye ataravye ngo ni uyu canke uriya aho yatanze uburorero kubihugu nka Tanzania Ouganda nahandi.

Aho mwomenya ko Natacha yasavye abatunganya ibiteramo kurabira kubandi batunganya ibiteramo bikomeye agatanga akarorero kuri Sultan Suleiman(S.S).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755