Burundihomepagekirundipolitics

#Agathon Rwasa : “Umwaka w’2020 utubere uwo gusezerera indyane mu badasangiye ivyiyumviro vya politike”

Mw’ijambo yashikirije abanywanyi biwe mu guhimbaza umwaka mushasha w’2020, umushingamateka Agathon Rwasa asanzwe arongoye umugambwe CNL avuga ko mu gihugu habandanya hibonekeza abatware bahonyanga amategeko bakishiriraho ingingo zabo zihohotera abo batavuga rumwe.

Kuva umugambwe CNL wemerewe gukorera ku mugaragaro mu kwa kabiri kw’umwaka urangiye, wamye uvuga ko uburabuzwa mu bikorwa vyawo, ingoro zikononwa, abanywanyi bagahohoterwa, mbere n’ukunyuruzwa bakanyuruzwa.

Ivyo biri uko mu gihe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwiyemeje ko buri kwezi buzokwama bubonana n’abarongoye imigambwe mu ntumbero yo gukomeza umubano mwiza.

Mw’iryo jambo nyene, umushingamateka Agathon Rwasa, ahanura ko umwaka wa 2020 woba uwo gusezerera ingeso n’ingendo y’indyane kubera badasangiye ivyiyumviro vya politike.

Bwana Rwasa avuga ko mu gihugu hibonekeza ukutihanganiranira mu vyapolitike, abantu bakama bakubiswe, abandi bagapfungwa, ingoro z’umgambwe zikononwa, vyose kubera hari abatware bashing ingingo zitubahirije amategeko asanzwe ahari.

Ati: “Tugira ko dusaba abatware hirya no hino agatotezo tubona bagirira aba CNL bagahagarike. Tubasaba kwubahiriza amategeko agenga igihugu kuko ayo mategeko niyo aha uburenganzira umwe n’uwundi”.

“Kuko iyo abatware bahonyanze amategeko bakishiriraho ingingo ziwabo zinyuranye nayo, niho wumva za ndyane mu migambwe ziriko ziraba”.

Asaba kwubahiriza itegeko rigenga imigambwe kugira ngo irangure ivyo ifitiye uburenganzira.

Ati: “Hariho ibwirizwa rigenga imigambwe, hariho n’ibwirizwa rigenga amanama n’amakoraniro ku bibanza vyuguruye. Ingingo zimwe zimwe zirirwa zirafatwa n’abatware hirya no hino nta kibanza zifise kuko ayo mategeko ubwayo arakwiye. Tuyubahirije vyose biragenda neza”.

Avuga ko ivyo vyotuma n’amatora yimirije mu kwezi kwa gatanu uno mwaka agenda neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764