AgricultureBurundiÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Agriculture: Mu gihe atacokorwa, uwu mwaka ngo uhakwa kuba impfagusa kuribo

Abarimyi b’umuceri bo mu kiyaya ca komine Gihanga intara ya Bubanza baridoga ko babuze amazi ngo batere, haraheza amezi abiri barimye.

Abo barimyi bamenyesha ko amazi y’uruzi Kajeke yahora avomera indimo zabo hari abayugariye ku rugomero rwa Kajeke kugira barobe amafi. Basigura ko umwaka uhakwa kuba impfagusa. Basaba abategetsi gutorera inyishu ico kibazo.

Mu ntwaro i Gihanga basigura ko abahinga bamaze iminsi bagerageza kugomorora ayo mazi ariko ngo ntibirakunda.

Inkonoko : Radio Isanganiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765