BurundiÉnergiegroups-at-messageJudokirundiSport

Ahamagarira abana kwiga urukino rwa Karaté

Mu bihe vy’ibiruhuko abamenyereza mu nkino zitandukanye baratunganya ivyirwa ku bana baba bari mu karuhuko, nko mu nkino za Football, na Basketball hamwe na Volleyball.

Sensei Hervé Ntiruseseka yahisemwo kwigisha abana bafise hagati y’imyaka 5 na 15 mw’ishure Ying Yang karaté Do rikorera mu Kigobe no mu Kinindo, nawe akaba yakuriye mw’ishure rya Karaté Zanshin Karaté do rirongowe na Christophe Nkurunziza batazira Kimé asanzwe arongoye ishirahamwe ry’urwo rukino mu Burundi .

Sensei Hervé agahamagarira abavyeyi ko bozana abana babo muri iryo shure kuko ritanga indero n’ubumenyi kandi bagakurikirana neza umwana aba yaje muri iryo shure.

Mwomenya ko uwo mwigisha amaze imyaka irenga cumi akinira umurwi nserukiragihugu mu bisata vya Kumite (kurwana) na Kata (kwerekana ubuhinga bwo kwikingira).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 514