abakinyi bakina hanzehomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Intamba Beach Soccer zigiye mu gice ca kabiri gishira icanyuma

Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abakina urukino rwo  ku musenyi uriko ukora amateka adasanzwe mu gihugu ca Seychelles.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 25 Ruheshi 2023 , niho umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abakina ku musenyi wakina urukino rugira gatatu n’umurwi Lost Boys ukina muri  Seychelles, muri za nkino zitiriwe National Day ziriko zibera mu gihigu ca Seychelles.

Urwo rukino rwarangiye Intamba mu rugamba zinyagiye Lost Boys ibitsindo 9-3 .

Ivyo bikaba vyaciye bituma Uburundi buronka uburenganzira bwo gukina igice 1/2 gishira icanyuma aho buzokina na Madagascar kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruheshi 2023 isaha icumi n’igice 16h30.

Mu nkino 3 intamba mu rugamba z’abakina ku musenyi zakinye, zatsinze inkino 2 zitsindwa urukino rumwe .

– Burundi 7-1 Classic 15 ( uwo mugwi ninawo watwaye igikombe ca Seychelles)

– Burundi 9-6 Lost Boys ( Umugwi uzoja gukina ihiganwa tya COSAFA mu gihugu c’africa y’epfo)

– Burundi 2-5 Seychelles Blue ( umurwi uriko witegurira gukina igikombe c’Isi yose kizobera muri Seychelles).

Muri izo nkino umukinyi w’Umurundi Elvis Nduwimana yaratowe nk’umukinyi mwiza w’Urukino Intamba zatsinze Lost Boys , Niyonkuru Amissi nawe atorwa nk’umukinyi mwiza w’urukino Intamba zatsinze Classic 15.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,889