East Africa NewsEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newsmusic

Alikiba ashobora kwahukana n’umugore wiwe

Umugore wa Alikiba ngo yoba yamaze gusaba Kwahukana n’uwo muririmvyi w’igihangange wo muri Tanzania nkuko amakuru abivuga. 

Uwo muririmvyi akaba yagirizwa ibintu bitari bike n’umutambukanyi wiwe birimwo ubusambanyi bwakorewe muri Tanzania mu nzu bafise I Dar es Sallam, uguta urugo n’ibindi vyinshi nkuko yabibwiye Sentare yo mu gihugu ca Kenya neza neza I Mombasa.

Muvyasabwe n’uwo mugore bagize ubugeni kuva mu mwaka wa 2018, harimwo ukwo kwahukana ariko kandi n’amafaranga angana n’200,000 Ksh angana n’6,000,000 fbu buri kwezi kubw’abana biwe nawe nyene ubwiwe.

Ivyabashije kwumvikana nuko uwo mugore wa Alikiba abona ko umubano wabo udashobora gusubira kuba mwiza, arico gituma yasavye ugutandukana nawe, naho Sentare yasavye umuririmvyi Alikiba gukemura ico kibazo mu misi itarenga 15.

Ababashije kugira ico babishikirijeko bakaba batemera ko vyoba arivyo, ahubwo bakaba babona ko yoba ari Buzz iriko iraba, abandi nabo bakaba bavuga ko ivyo babizi kuri Diamond apana Alikiba.

Ivy’ukwo gutandukana kwabo, bikaba bimaze igihe bivugwa, ariko bikagenda mazimayongo kubera aca haboneka ama foto yabo barikumwe n’abana babo kandi yaba ari mashasha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 723