BurundiÉnergieEntertainmententertainment Promotedgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Alikiba live in Burundi : Sat-B yoba yahaswe kwakira Alikiba ?

Mu gihe haheze iminsi Alikiba asezereye abarundi ko kumunsi w’ihimbazwa rya Noheri azoba arikumwe nabo mu giteramo kizobera itariki 25 kigarama 2020 , umuririmvyi Sat-B abaye uwa mbere guhamagarira abarundi kuzokwitaba ico giteramo kuberako nawe ariho azoba ari kubateramisha .

Sat-B abicishije ku mbuga ziwe yagize ati : Don’t miss……

Ni ikibazo co kwakira abashitsi nyene no guhagararira ishusho ryacu nk’igihugu kirimwo umuziki mwiza🙏🙏🙏. Nababwiye ko nzogira Concert 2021 banyumvisha neza ko ngomba kubikora nk’umu patriote cokimwe nawe”, amajambo yaherekejwe n’ifoto yerekana ko koko ariho azoba ari.

Mbega ayo majambo yoba hari iyindi nsiguro yoba afise canke yoba yerekana ko koko Sat-B ari umuririmvyi akunda igihugu ciwe kandi adahengeshanya kwerekana ubushobozi bwaco mu muziki no mu gihe kiba cagendewe n’abanyamahanga.

Yamara abakunzi b’umuziki ndundi , na cane cane abakunzi ba Sat-B bakiranye umunezero iyo information bongera banamukeza kuri uwo mutima yamye yerekana ko akunda kandi azokwama ashigikira igihugu ciwe  abicishije mu gucuraranga umuziki no kwerekana umuco mwiza wo kwakirana urweze abashitsi bab’abaririmvyi bama bagendera igihugu cacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776