BurundihomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Alvin rigeze i mutwe kubera ivy’abarundi bakoreye Rihanna

Alvin Smith kamugeze imutwe, ngo iyaba umwe mub’iwabo ubu baba bariko bamutera amabuye, ariko akavuga ko atabivuganye ishari. 

Kuva kuri uyu wa 2 igenekerezo rya 1 ruhuhuma, uwutamenye ko umuririmvyikazi Rihanna yibungenze n’uwudakurikirana izo mbuga ngurukanabumenyi canke yagize ikibazo, kuko abantu batari bake bagumye bagaruka cane kuri iyo mbanyi y’uwo muririmvyikazi.

Alvin akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram akaba yasangije abakurikirana urwo rubuga Video aho yagarutse ku nyifato yabonye ku bantu batari bake, aho bagumye baryohererwa iyo nda, rimwe na rimwe ukamengo hari ikindi bazohungukira.

Alvin muri iyo Video nyene akaba yanabandanije avuga ko ivyo bitangaje kuko ngo mubasangije abantu ico bise inkuru nziza, ngo hagize uwiwabo umwe atwara inda, ngo ryari kuba ari ibara ahubwo bari kumutera amabuye ha kumukeza.

Ico ciyumviro akaba atacisangije kuko mu bagize ico bashikiriza harimwo umwigeme w’umurundi asanzwe aba ku mugabane wa Buraya azwi kw’izina rya Honey Boo nawe yabisangije abandi aho yavuze ko nawe adatahura igituma.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi akomoka mu bizinga vya Barbados biheruka kwikukira, ariko akaba anafise ubwenegihugu bwa Amerika ari naho akorera, be n’umusore basangiye iyo ngabire bataragira ubugeni.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 721