Entertainmenthomepage

Alvin Smith ashize umusumari mu gukora amareresi

Ivyo Alvin Smith aheruka gushikiriza ku bijanye n’ugushira inguvu mu bikorwa vyo gutegura amareresi yabikomeyeko, kuko kanatsinda ngo amafaranga bimwinjiriza n’ayatari make.

Uwo muririmvyi ku musi wa gatanu yamenyesheje ko ikirangamisi co gutangako ireresi agize imisi akora yise Umwana wo mu Muji cahindutse. Uwo Mugabo akaba yamenyesheje ko ubu iryo reresi rigiye Kuza riraboneka ga 3 mu ndwi, ku musi wa mbere, uwa 3 n’uwa 5.

Alvin Smith akaba abishikirije mu gihe ageze Kuri Episode 9 y’iryo reresi, akaba Kandi yaramaze igihe atanga rimwe mu ndwi.
Iryo reresi Alvin Smith agiye Kuza araramiza abamukurikirana, rikaba rigaruka ku bana babiri bavuye ruguru baza mu gisagara kwiga kamenuza inyuma yo kubura abavyeyi kubera umugera wa SIDA.

Mu nyuma bahura n’umwigeme wo muri Town atangura kubigisha Ingeso mbi.
Alvin Smith akaba atari iryo reresi ryonyene asanzwe akora, kuko aheruka gukora iryo yahuriyemwo n”uwundi mwigeme w’umunyarwanda asanzwe akina amareresi, ariko Kandi anaboneka mu masanamu y’indirimbo mu Rwanda.
Alvin Smith mu misi iheze Kuri Twitter akaba yamenyesheje ko amareresi amwinjiriza amafaranga atari make, ahubwo ko agiye kuzoyakomeza cane gusumba.
Alvin akaba yatanguye aririmba, ariko aza gukinisha Umugore wiwe mu mareresi atandukanye, yanakunzwe n’abatari bake mu bamukurikirana ku mbuga zitandukanye.

Buri gihe iyo Nirnah ahonyoje ikirenge I Bujumbura, abafana bakaba muvyo basaba harimwo ukubona abo bakunzi mw’ireresi, ariko Kandi bakanabasaba gukora Couple Quiz bakunze gukora, aho babazanya ibibazo.
Alvin Smith akaba amaze gukina mu mareresi menshi arimwo ayiwe, ayo yakoreye Yaga Burundi, hamwe n’izo yakoranye n’abandi harimwo abo muri Ihuriro TV.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722