homepage

Na Sat-B Ivya ya Visa aracabikekeranya cane

Sat-B nawe yifatanije n’abandi bari bagize igihe bashikiriza ko ivy’uwo muririmvyi n’urugendo rumushikana muri Sweden mu giteramo, ngo bazovyemera aruko babibonye.

Mu kiyago yagiranye na Akeza, uwo muririmvyi yabajijwe Ivy’iyo sabukuru yatumiwemwo uko bihagaze, eka mbere n’ibijanye na VISA isanzwe ari ikibazo gikomereye abaririmvyi batari bake mu Burundi.

Uwo muririmvyi ashira irya mbere Cover y’iyo sabukuru ku rubuga rwiwe rwa Facebook, yari yamenyesheje ko habonetse umuntu amuhagurutsa, kuko ngo bizimvye, atari uwariwe wese ashobora kumuhagurutsa ngo amukoreshe igiteramo.  Aganira na Akeza yavuze ko bamurondera babashije kwumvikana ibijanye n’amafaranga, kuko akenshi mu bikorwa nkivyo ngo abaririmvyi n’abategura ayo masabukuru badahuriza ku kijanye n’amafaranga yo guhembwa.

Sat-B Kandi yavuze ko igituma akunze kuboneka asa naho atumirwa cane mu bijanye n’amasabukuru nkayo, ngo nuko afise umugwi utari muto umuri inyuma Kandi ukora cane, kugira babashe gushika kure, kuko we ngo ariko araba isoko mpuzamakungu.
Uwo muririmvyi yabandanije amenyesha ko ku kijanye na VISA, ngo igihe azoba yayironse ngo azoheza abishikirize, ariko Kandi ngo n’atayironka ngo azonabishikiriza navyo. Ariko ngo yizera ko azobasha kuyironka bivanye n’ubucuti bwiza agize imisi abona afitanye n’ubumwe bw’uburayi.

Iri jambo ry’ubucuti, rikaba ariryo abafana batari bake bari bagize imisi bagarukako, aho bavuga ko aramutse abuze ViSa ngo bizoba bibabaje cane kuko biboneka ko uwo muririmvyi afitanye ubucuti bwiza n’ubumwe bw’uburayi.
Iyo sabukuru Sat-b yatumiwemwo, akaba azoruhuriramwo umuririmvyi Yemi Alade, Harmonize n’abandi baririmvyi bakomoka mu bihugu bitandukanye vya Afrika.

Sat-b abishikirije mu gihe hasigaye amezi 3, ngo ico gikorwa kibe, iyo sabukuru ikaba izomara imisi 2, kuko izotangura igenekerezo rya 1 isozerwe Kuri 2/9 I Gothenburg muri Sweden.
Abafana batari bake bakaba baramukeje, ariko Kandi akaba yanakejwe n’inararibonye zitari nke zirimwo Mudibu asanzwe aba mu bwongereza, aho yamusavye kubandanya atera Iteka igihugu, anamusabira ukurindwa n’Imana.
Aha mukibuka ko iyo sabukuru yasivye mu mwaka uheze, aho ryari yatumiwemwo umuririmvyikazi Esther Nish, ariko bigapfa bivuye ku bindi atari ku baririmvyi.

Ikindi mwomenya nuko abariko bategurana na Sat-B vya biteramo yokoreye ku mugabane w’uburayi, bari mu bafatanyabikorwa bariko bategura iyo sabukuru muri Sweden, abo n’abo ni Zose All Media isanzwe itwarwa na Bacumi Jackson azwi cane nka Dj Jackson, akaba kandi yarabereye Manager Sat-B co kimwe na Esther Nish, Kandi bose bari bamaze gutumirwa muri iyo sabukuru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 671