Entertainmenthomepagekirundi

Alvin Smith asubiriye Kandi gukorana na Double Jay inyuma ya Hahiye

Naho bavuze ngo nta wuhindura umugwi utsinda, Alvin Smith we arabihinduye, kuko muri EP yise For You buca ashira ahabona, azoshiramwo Collabo yakoranye n’abahungu gusa, abakobwa bakoranye muri EP Party Love yaheruka gushira ahabona, akaba ata numwe yagarutse, ahubwo yikoze Kandi Kuri Double Jay bari bamaze gukorana.

 

Ivyo Alvin Smith yaheruka kwemera aratanguye kubishira mu bikorwa, ya EP yiwe yatanguye gushira ahabona ivyo tuzohurira navyo haba Kuri YouTube canke Kuri za mbuga zigurisha umuziki.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram na Facebook, Alvin Smith muri ino Week end aheruka kwerekana Cover y’iyo EP.
Iyo EP yayihaye izina rya For You, ikazoba ifise Indirimbo 5, zirimwo iziwe bwite co kimwe n’ama Collabo atandukanye.
Muri EP aheruka gusohora yari yise Party Love, yakoranye n’abigeme gusa, barimwo Esther Nish, Mow Kanzie, Channy Queen, Iry Tina, Lina Blanche na Ka Kelly mu ndirimbo 7 Zari muri iyo EP.
Muri iyi buca asohora akaba ata mu kobwa numwe arimwo, ariko Kandi hakaba n’indirimbo co kimwe n’ama Collabo bikaba vyagabanutse.

Indirimbo ziri muri FOR YOU ni 5, mu gihe muri Party Love harimwo 7, n’ama Collabo muri Party Love harimwo 6, nayo ubu harimwo 2 gusa.
Abaririmvyi bakorana muri iyo EP bakaba ari B Face hamwe na Double Jay. Izo ndirimbo 2 zikaba arizo zishobora kuzokorerwa amasanamu yihuse imbere y’izindi, kuko yazikoranye n’abaririmvyi bakomeye.
Indirimbo Jegeza ingindi yari Kuri EP iheruka ikaba yasubiye Kandi kugaruka muri For You ariko ubu akaba atazoyiririmbana, ahubwo ikazoba ari RMX Kandi ikaba na Collabo bakoranye na Double Jay.
B face akaba ata ndirimbo bari bafitanye na Alvin Smith, ariko Double Jay we akaba azoba akoranye na Alvin Smith irigira Kabiri. Indirimbo yabo ya mbere ikaba ari Hahiye yakozwe mu kwezi kw’10 muri 2021, ikaba Isa n’iyiriko iregereza Views 1,000,000, kuko igeze hafi ku 729,000.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769