Kimwe mu bihimba vya Nirna vyateje ikibazo abafana, basaba ko yoraba akaza arafuka. Na Alvin Smith nawe nyene biba uko nyene, kuko hari igihimba ciwe cahindutse Mêmez kuri Twitter.
Buri gihe iyo Nirnah umugore wa Alvin Smith ari i Bujumbura, mu karuhuko ariko ndetse no kuraba umugabo, ntihabura akantu kavugwa kuri umwe canke uwundi.
Muri commentaire Kuri Video yo kumwipfuriza ikaze, vyarabonetse ko abafana ba Alvin Smith bari bakumbiye cane uwo mugore wiwe, kuko buri gihe ari ngaha, bakora ama Video atari make, amwe amwe anatwenza gusumba ayandi.
Hampande y’ama Video, Alvin Smith n’umugore wiwe, bakaba banakunda no kwifotoza ama foto atandukanye, Kandi abatari bake bakaba batareka kugira ico bayavuzeko.
Amwe mu mafoto rero baheruka kwifotozanya, akaba ataretse kugira ico avuzweko, kuko abonekesha inda y’uwo mugore wa Alvin.
Nkuko twabashije kubibona Kuri Status za Whatsapp za Nelly Nat wa munyarusaku, ngo abafana batanguye kumurungikira Foto ya Nirna na Alvin bamubwira ngo amuhanure.
Izo mpanuro bamusabira, zikaba zihagaze ku kumuhanura ngo arabe impuzu azoza arambara, kuko hari ibihimba vyiwe ngo bitabereye kuja ahabona.
Igihimba ciwe cateye amakenga abafana bashikirije ikirego Kwa Nelly Nat n’inda. Vyabonetse ko uwo munyarusaku yashizeko ikimenyetso.
Ukwo kutamera neza kw’ico gihimba, kukaba gukunze kuboneka ku bantu b’imice 2, bamwe bakaba ari abantu baba bari bavyibushe, hanyuma bakagira Sport, bigatuma bagabanuka cane, umubiri ukononekara.
Umuce wa Kabiri, n’uw’abagore bamaze kwibaruka nka 2. Kubera inda iyo utabaye maso, ngo umenye uko uvyitwaramwo, bishobora gutuma inyuma yo kuvyara ico gihimba giheza ntigisubire uko cari kimeze imbere yo gusama.
Ku batabizi naho, nuko Nirnah asanzwe afise abana muri Canada, iyo aba, amakuru tudashobora kwemeza ijana kw’ijana, nuko bikaba bivugwa ko afise abana 2, Alvin Smith nawe akaba afise 1 yavyaranye n’umugore w’umwe muba Producer b’indirimbo hano iwacu.
Nayo Kuri Alvin Smith, nuko amano yiwe yabaye Mêmez kuri Twitter, kuko hari uwavuze ko abatazi igituma Smith yafashe rirya Zina ry’inka, ngo Nuko afise amano atameze neza, baca babikurikizisha video ya Alvin, ibonekamwo amano yiwe Kuri TikTok.
















