Imvukira yo muri Zone Kiyenzi Commune Kanyosha umutumba wa Buhina intara ya Bujumbura Rural Hakizimana Vital yashinze umurwi w’umupira w’amaguru w’abigeme uzoza userukira zone yabo ya Kiyenzi .
Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 02 Mukakaro 2023 , Isaha umunani z’umuhingambo 14h00 ku kibuga Camp Muha , aho umurwi w’umupira w’amaguru wahawe izina rya Kiyenzi Star watangura imyimenyerezo ya mbere.
Hakizimana Vital asanzwe ariwe yashinze uwo murwi , avuga ko bivanye nuko kuva akiri muto yarakina umupira w’amaguru yaciye ahitamwo gufasha abana bavuka muri Zone Kiyenzi kugira berekane ingabirano zabo z’umupira w’amaguru.
Uwo murwi w’abigeme gushika ubu nta cicaro na kimwe ukinamwo . Vital Hakizimama asanzwe aruwongoye avuga ko mu kwezi kwa Myandagaro azotangura kurondera abasanzwe barongoye umupira w’amaguru mu ntara kugira arabe ko yobandikisha mu cicaro ca gatatu .
Hambamvu y’uwo murwi wa Kiyenzi Star w’abigeme Vital Hakizimana afise, asanzwe afise n’uwundi murwi w’abasore ukina mu cicaro ca 3 mu ntara ya Bujumbura Rural nawe yarawitiriye izina rya Kiyenzi Sport .
Uwo murwi wo mu Ntara ya Bujumbura Rural ukaba ufise abakinyi bashika kuri 90 iyaba mu bahungu canke mu bakobwa.
Vital yaronkeyeho n’akaryo ko gushimira abantu bose baguma bamufata mu mugongo nka mwene wabo Général Major Sibomana Ignace ariko abafasha ibitari bike cane cane ku bijanye no kwiyunguruza , uwundi yashimiye ni Umubirigi Javan Onaker amaze kubafasha ibitari bike bijanye n’imyambaro .

Mwomenyako bivanye n’uko mu Kiyenzi ata kibuga bafise bama bakoreye imyimenyerezo ku kibuga ca Camp Muha kiri muri zone Musaga Commune Muha .


















