BurundiDevelopmenthomepageInfrastructureskirundi

Amabarabara atari ameze neza agiye guhagurukirwa

Ubushikiranganji bw’inyubakwa, ibikoresho vya Reta no kurwiza uburaro bwatunganije kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2021 ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gushikiriza aho ibikorwa bigeze muri ubwo bushikiranganji muri aya mezi atatu aheze y’igice c’umwaka w’2020 ushira uw’2021.

Bimwe mu vyaranguwe mu gisata c’inyubako nk’uko bishikirizwa n’umushikiranganji Deogratias Nsanganiyumwami, harimwo nk’ukwubaka no gusiga ikaburimbo ibarabara rikuru inomero 18, igice ca kabiri Kibumbu-Gitega biriko bikorwa n’ishirahamwe ry’abashinwa uburyo nabwo bugatangwa n’ibanki y’iterambere rya Afrika BAD, gushika ubu ivyo bikorwa ngo bikaba bigeze ku bice 81 kw’ijana.

Nayo mu bijanye n’ibikorwa vyo kwubaka no kwagura ibarabara rikuru inomero 5, Bujumbura-Nyamitanga, ibikorwa ngo bisa n’ibigomba kurangira aho bigeze ku bice 99 kw’ijana, nayo ibarabara rikuru inomero 3, Gitaza-Rumonge ngo amasezerano yaramaze guterwako umukono n’abo biraba, ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye gushika kuri Chanic naho ngo ibikorwa bigeze ku bice 63 kw’ijana eka n’ibiraro bitari bike ngo biriko biragarukirwa.

Iyubakwa ry’ibarabara ry’indaraye Uvinza-Musongati ngo ivyirwa biriko birashirwa ku gihe nayo igice ca gatatu c’iryo barabara ry’indaraye rizoduhuza n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, amasezerano yaraheze hasigaye ko ashikirizwa inzego zibijejwe zibone kuyemeza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 768