BurundiEconomyhomepagekirundi

Amafaranga arenga imiriyaridi 343 niwo mutahe utegekanijwe gukoreshwa

Amafaranga y’amarundi angana n’imiriyaridi 343 966 281 085 niyo atagekanyijwe kuzokoreshwa nk’umutahe n’amashirahamwe arenga 2500 mu gihe ubuzi burenga ibihumbi 10 butegekanijwe gutangwa n’ayo mashirahamwe.

Ivyo ni ivyashikirijwe na Désiré Musharitse arongoye ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2021, igihe yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ico kigo mu gice ca mbere c’umwaka w’2020 ushira uw’2021 gisanzwe kigizwe n’amezi atandatu.

Désiré Musharitse amenyesha ko hambavu y’ivyo, ikigo APO cashoboye no gutanga impapuro 21 zitanga uburenganzira bwo kuronka uburusho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766