BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Amafaranga arenga imiriyoni 66 niyo yiyongereyeko mu ndwi imwe gusa

Imiriyoni zirenga 66 z’amafaranga y’amarundi, niko karusho kabonetse mu gikorwa gahinyuza co kwegeranya amakori n’amatagisi cabaye kuva kuwa 25 gushika ku wa 31 Nzero, mu makomine 10 kuri 119 agize igihugu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, iterambere rusangi n’umutekano yabishikirije kuri uyu wa kabiri, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Petero Nkurikiye avuga ko mu gisagara ca Bujumbura baronse akarusho k’imiriyoni zirenga 129 mu ndwi imwe, kuva kuwa 6 gushika ku wa 13 Ruhuhuma.

Nkurikiye amenyesha kandi ko ico gikorwa cakozwe na bamwe mu rwaruka bahawe akazi mu baheruka kwandikwa ku rutonde rw’urwaruka rudafise akazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769