BurundiEntertainmentfootballkirundi

Itsinzi y ’abaririmvyi izanye umunezero mu mvura nyishi

Mu rukino rutari rworoshe abaririmvyi batahukanye itsinzi y’igitsindo kimwe cinjijwe n ‘umuririmvyi akiri muto azwi kw’ izina rya Saint Floria ku busa bw’aba Dj.

Abakinyi, abarorerezi, abajejwe umutekano, ndetse n ‘abemenyeshamakuru bari ku kibuga citiriwe umweranda Gaburiyeri ntiboroherejwe n ‘imvura yari nk ‘umutumire mukuru muri urwo rukino.

Ayandi makuru akaba ari hano musi.

N ’imvura ku mutwe abaririmvyi bakaba bamaze gutsinda igitsindo kimwe cinjijwe mu mvura nyishi mu gice  ca kabiri.

Amafaranga niyo agiye kuba umuhuza w’abaririnvyi n ’aba Dj

Inyuma yo gutera terana amajambo atari meza kwumva, no gutanako amakosa, hahavuye haba urukino ruhuza abaririmvyi n’ aba Dj.

.

Urukino rwatanguye rucerewe gato ku masaha yari yategekanijwe bitumwe n uko abarorerezi bari benshi bakanka kuva mu kibuga. Urukino rwo kw’igenekerezo rya  21 gitugutu rubonekako impande zompi ziteguriye gutahukana intsinzi.

Abarorerezi bakaba bari bitabiriye bikwiye

N’ urukino rwakiniwe kandi ku kibuga kitamenyereweko amahiganwa, ikibuga ca lycee Saint Gabriel kikaba kitagira ubwugamo bw ’iteka ndetse hakaba ata n indongoramajwi zari zihari ibitorohereza umutekano w’abakinyi ku barorerezi.

Nubwo atabwugamo bwiteka bwari buhari, hari bamwe mu banyacubahiro bari baje gushigikira abaririmvyi, ndetse bamwe bakaba bigumiye mu miduga bajemwo abandi bahavura bakura meza.

Indundi Magazine ikaza irabashikiriza uko biriko biragenda ku kibuga tubona ko kibangamiwe n’ imvura umengo ifise umugambi wo kunyagira abantu batagira aho bayikinga

Mwomenya ko bariko bakinira amafaranga agera ku miliyoni zini, akaba yatanzwe n ’umwe mu barundi bakunda,kandi bashigikiye umuziki w ’Uburundi mu ntumbero y’uko izompande zompi zokwicara hamwe zikareka guterana amajambo, hakaduzwa ibikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 730