homepagekirundiWorld News

Amahasa yavutse mu myaka itandukanye muri Leta zunze ubumwe za amerika

Abana 2 b’amahasa bo muri Leta zunze ubumwe za amerika, bavukiye imyaka itandukanye kandi n’amatariki samwe.

Mu gihe bimenyerewe ko amahasa avuka mu mwaka umwe kandi n’amagenekerezo akaba asa, muri Leta zunze ubumwe za amerika ho habaye ibindi, kuko umwe muri ayo mahasa yavutse muri 2019, uwundi avuka muri 2020.

Dawn Gilliam na Jason Tello n’abavyeyi b’ayo mahasa, bavuga ko kuwa 31/12/2019 ariho biruka kwa muganga bumvise abana badakakaza, ariko bikaza gusabwa ko bavuka hataragera kuko bovutse mu kwezi kwa Ruhuhuma 2020.

Murico Joslyn niwe yavutse mu mwaka wa 2019, kuko yavutse igenekerezo rya 31/12/2019 isaha zitanu n’iminota 39 (23:39) nayo mwenewabo aca avuka haheze iminota 30, nukuvuga igenekerezo rya 1/1/2020.

Se wabo bana akaba yamenyesheje ko batangajwe n’uburyo bavuze mu myaka itandukanye co kimwe n’amatariki atandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755