Burundihomepagekirundisecurityyouth

#Amahoro| Ubwishingizi ( Assurance) ni kimwe mu bindi vyoguha amahoro mu mutima

Intambara turwana buri musi ni intambara z’ukwigizayo ico cose cohava kiza guhungabanya amahoro mu mutima. Iyo bishitse umuntu akavyuka akomeye araheza agashimira Imana. Eka kandi biraheza bikagenda uko nyene n’iyo abawe batunganiwe na narirya nawe ibibakozeko biba bibakozeko.Uko niko biri maze tukabishima uko.

Yamara rero ntivyohava bica bitubuza ukwibaza ko n’akabi gashobora gushika, na narirya dusanzwe tuzi ibiturindiriye muri kazoza tutamenya ngo ni aka ryari. Ugasanga rero iyo hageze ko twiyumvira ko ivyo twanka bizoteba bigashika , tugaca dukorako tugasha, maze tukihutira kwigizayo ico ciyumviro ngo coye guhava gica gisurura uruhojojo rw’ibishobisho bijanye na co.

Kuko kanatsinda umuntu aca aheza akibaza ati none ga mbega , abanje bazosigara gute? Uwugiye wewe aba amaze urwiwe abasigaye nibo rero baheza nyabuna bagasigarana amarushwa n’intuntu zifatanye n’ivyo biba bibaye. Ivyo ntawuri bubihindure naho dukorako tugasha.

Noneho ikiza kiri kari ka  bugungura ni iyo wibutse kandi ko, hambavu y’ayo magorwa mu buryo bw’ibishobisho, hazohava hagaca hiyongerako ubukene na bwo, buje bwa rufatangane rw’uko uwahora azana umukate noneho yashengeye. Ugasanga rero, ubuzima bw’abo wasize buciye bukwama, kumbure mbere n’akazu bahora babamwo mwari mwafashe ideni, ama banki , inyuma y’amarira agaheza agahava arondera kubasohora akagurisha n’akazu wabasizemwo.Ugaheza maze ugasanga , urugo rutanguye gutahwa n’inyoni ziguruka zose kubera , hasigaye hari nk’impehe nsa.

Ivyo n’ibindi bitari bike nivyo vyatumye abahinga biyumvira kugira ubwishingizi( Assurance). Kumbure barihweeeje ivyo vyose bahava bagira bati , reka noneho twitange umwansi, ntazoturweko giturumbuka ngo dusiga abacu imbokoboko, basigaye mu ngaratete, barira atawe bayaha.

Ubwishingizi rero ni kimwe muvyo gufasha kuba ushobora kuba uraziganirizwa uburyo maze mu kiringo ako kabi kabishe kabaye abawe bazoheze bahabwe uburyo bivanye nk’uko uzoba warabitegekanije ubu nyene ugihema.( Assurance-Vie).

Abavyiyumviriye barategekanije uburyo bunyuranye wokingira umuryango , canke na wewe nyene ukingira kuko turetse n’ukwitaba Imana umuntu ashobora gushikirwa n’isanganya,  ritamuhitanye rigasiga ryamuciye iyondo yondo ataco ari bugihe iminwe. Muri ico gihe nyene, bivanye n’uko wabitegekanije ugikomeye, uraheza ukaronka uko uheza ukaba urabaho, hakwirirwa weyeya amaboko usaba hirya no hino aho hari ababura ico bakumarira bakagukora kw’itama!

MBEGA WOBA WUMVA KO WOBANDANYA UFASHA UMURYANGO WAWE NAHO WOBA WIRARAMIYE MW’IJURU? Nimba wumva ko ivy’ubuzima bw’abawe woguma ubitunganya naho utoba ugihema hano kw’isi, UBWISHINGIZI( ASSURANCE VIE) ni yonzira irashe izobigufasha.

Amafaranga makemake bagenda barakata ku mushahara wawe ni make cane ugereranije n’ivyiza biheza bikakugirira mu kiringo vyose bihwanye n’amasezerano mwagiraniye n’umwishingizi wawe.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765