Entertainmenthomepagekirundivideos

Amajambo afobetse niyo yinyegeje muri Big Fizzo, Sat B na Romeo ku bwa Tetero

Inyuma yo gutahukana agashimwe k’ ihiganwa Primusic, umwigeme akiri muto cane Laurette Tetero abandanya kuvugisha abantu benshi, bikanabonekamwo n’ukutumvikana ku bamukurikirana.

Abaserukizi b’ikinyobwa Primus mw’ihiganwa Primusic (Ambassadors) aribo Big Fizo kumwe na Sat-B, bagize ico bavuga ku butumwa Tetero yari yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.
Fizzo yameze nk’uwukebura kandi akarira uwo mwigeme aho yamuhanuriye gukora ibikorwa bikazomuvugira, anamwereka ko ataho arashika yoshaka yokwitonda, nayo ku ruhande rwiwe Sat -B akabona ko uwo mwigeme ivyo avuga ari ibishobisho bifatiye ku ntambwe agezeko, ko batomuturubika abakeneye ku muha impanuro bobicisha mu nzira nziza.
Nayo Romeo yamenyekanye cane mu murwi Etoile du centre we biboneka ko ashigikiye cane akanubarara kuri uwo mwigeme mu kumenyesha ko ingingo yafashe yo kudatanga ikiganiro ari nziza kuko igisata barimwo cuzuye amanyanga kumwe nivyo yise uburofa.
Ivyo n’ibindi mu kiganiro aha musi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755