Entertainmententertainment PromotedhomepageIsanganiro Awardskirundi

Amajambo arangwa n’agashavu yanditswe na Fabelove

Inyuma yo kumara igihe kinini habonetse ihiganwa ritegurwa na Radio Isangabiro ariryo Isanganiro Award ariko hakamaho ukwikeka ko ryoba ribamwo aka mwana wa mama abandi nabo bakagira bati oya ahubwo bo barashiraho ihiganwa ariko bobo bakahagena uwo bashaka, inyuma yayo yose agenda avugwa hirya n’ino habonetse amwe mumajambo umuririmvyi asanzwe akora umudiho wa RAP ariwe Fabelove yanditse asa nk’uwuvugana agashavu aho yanditse agira ati:

“Jewe nk’ivyo bihiganwa mbona bovyikawusha vyose kuko bakoresha sentiments zabo. Mbe ntamustar wo kurwego rwo hejuru yandika neza akaririmba neza?
Muraka…

Hip Hop yo nimupoweshe…ntaniyo boshobora kugirira cotation👈👉”

Twobibutsa ko kuva iryo higanwa  ribaho atanarimwe agashimwe karigera gatahukana umuririmvyi akora RAP bikaba ari navyo vyoba biriko bituma abantu benshi bidogera cane iryo tunganywa

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769