footballIKIRUNDI_news

Amakuru ya Jospin Nshimirimana akinira hanze yigihugu c’Uburundi akina muri Turquie

Jospin Nshimirimana umukinyi w’Umurundi akinira umurwi wo mu gihugu ca Turquie akaba afise imyaka 20,Jospin yavukiye mu ntara ya Bujumbura benshi bakunze kwita Bujumbura rural muri komine Mutimbuzi.

Jospin Nshimirimana asanzwe akina mu kibuga hagati mu murwi Yeni Maratyspor mu gihugu ca Turquie, akaba amaze kwifashishwa mu nkino 13,aho amaze gutangura inkino zitandatu gusa akaba yagiye muri uwo murwi avuye mumurwi Aigler Noir mu mwaka wa 2019 Aho vyaboneka yuko ata murwi afise nyuma yaho aca yerekeza muri Yen Malatyaspor mumwaka wa 2021.

Twobamenyesha ko uwo murwi Yen Malatyaspor ugeze ahatemba kuko uri mu kibanza ca nyuma muri iryo higanwa ryo muri Turquie.

Indundi magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 180