homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi

Sat B arashimira Harmonize ku mugambi wiwe mwiza

Mu makuru yacu twabamenyesheje ko Sat-B yiteguye kwitabira igiteramo categuwe na Harmonize mu ntumbero yo guhuza abaririmvyi bava muri Afrika y’ubuseruko(East Afrika Community).

Igenekerezo rya 3 Ntwarante 2022 Sat_B yarafashe urugendo rumushikana muri gihugu ca Tanzania nk’uko vyaboneka yakiranywe n’igishika cinshi na Harmonize hamwe n’imbere y’abamenyeshamakuru bo muri ico gihugu akaba ari n’umuririmvyi yashitse kare .

Mw’ijambo yashikirije yarashimiye ubwa mbere Harmonize yatunganije ic ogiteramo na rirya ari n’igiteramo ciwe ca mbere akoreye hanze y’igihugu.

Nayo kubwa Harmonize ngo imigambi yiwe n’uguteza imbere umuziki w’abanyafrika y’ubuseruko abaririmvyi batangure kurya kuvyo babiriye akuya.

Kuva igenekerezo rya 4 gushika igenekerezo rya 5 Ntwarante abaririmvyi bava Kenya, Ouganda, Burundi,Tanzania, Rwanda bazoba bariko barateramisha abantu muri ico giteramo citiriwe AfroEast carnival kwinjira ahasanzewe n’ibihumbi 10, V.I.P ibihumbi 20 vy’amashiringi yo muri Tanzania.

Umaze kuba ufise itike uba wemerewe kwiinjira imisi 2 yose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 738