Burundicultureculture_featureculture_promotehomepageIKIRUNDI_newsImyidagaduromusic

Amasanamu y’umukuru w’igihugu ngo yerekanye aba Star dufise abaribo

Umu star dufise mu gihugu ngo ni umukuru w’igihugu cacu wenyene. Ivyo ni ibiheruka gushikirizwa na bamwe mu bakurikiranira hafi ibijanye n’aba “Stars” hano iwacu. Aho ni inyuma y’ivyo yakoze ku musi wa gatatu ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ivy’uko Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye ariwe wenyene mu stars dufise, vyatewe n’uko ngo amashusho n’amasanamu yiwe ariko aravuza ingoma ngo vyazimije ama Buzz yose yari agize imisi ariko aracanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe.

Bamwe mu bakurikiranira hafi ivy’imyidagaduro bakaba bavuga ko abari bafise ama buzz yari amaze igihe yifashe neza ngo basubiye inyuma igihe kitari gito, gutyo ngo bizobafata akanya kugira basubire mu kibanza ciza.

Ku musi wa gatatu ho, bamwe bakaba bari bamaze kumenyesha abaririmvyi ko ata wohirahira ngo arungike Link cane Cover ngo bamufashe kumenyekanisha ivyiwe kuko ico kibanza cari camaze gufatwa na Sebarundi.

Igikorwa co kwambara umwambaro w’abatimbo, agakiranya, akanásāsīra abarundi batari bake bari mu mahanga bamenyesha ko catumye bamwe bamwe mu banyamahanga bagikubise ijisho baryohererwa igihugu cacu kuko ngo ari imbonekarimwe umukuru w’igihugu agira ivyo bintu, bamwe mbere bakaba banavuze ko bashobora kuza mu gihugu cacu kuhaka indaro.

Mwomenya ko ayo mashusho yahanahanywe cane ku musi wa gatatu ari amashusho yavuye mu bikorwa vy’umukuru w’igihugu vyakorewe mu ntara ya Gitega mu giheta aho yari kumwe n’umugwi ndangakaranga wo muri ako gace k’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722