East Africa NewsAkes DonEntertainmentkirundiMagic Soldier Kingorongoro

Amashusho y’urukozasoni yagirizwa Wema Sepetu aracamukurikirana

Naho ikigo kijejwe kugenzura abanyabuhinga muri Tanzania giheruka kumurekurikira ngo abandanye akora ibikorwa vy’umuziki, ubutungane bwo bwamuhamagaje ngo yisigure.

Ikibazo c’amashusho y’urukozasoni, Wema Sepetu ntikiramuvako, ubu akaba be n’abunganizi biwe, Avocat, barindiriye kwitaba ubutungane mu kwezi kwa 3 aho bazoja kwisigura.

Amakuru dukesha ikinyamakuru co muri Tanzania avuga ko ubutungane nabwo bwafashe mu maboko ico kibazo, aho naho inyuma yuko ikigo kijejwe kugenzura abanyabuhinga muri Tanzania, BASATA, kimurekuriye kubandanya gukora ibikorwa bijanye n’amareresi.

Wema akaba yagirizwa ko amashusho yafashwe nawe agashirwa ku rubuga rwa Instagram rwiwe, aho yabonetse ariko asomana n’umugabo ngo ari amashusho y’urukozasoni.

Mukamenya ko uwo mugabo gushika ubu batakiri kumwe, kuko mu kiyago yagiranye n’umumenyeshamakuru Sam Misago muri Tanzania yavuze ko ubu ari wenyene ata mugabo barikumwe mu rukundo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 552