Amakenga atanguye kuba menshi ngaho hanze kubera ibura ry’ama Video y’ibikorwa Drama t ariko arakorera I Dubai, aho amaze imisi.
Nkuko bitanguye kuboneka ku rubuga rwa Facebook, aba Promoter bamwe bamwe batanguye kwibaza ivyo Drama t arimwo I Dubai, abafana babafata mu mugongo n’abo bibaza ico uwo musore ariko arakora.
Ibi bikaba vyatanguye kuvugwa, mu gihe abandi n’abo bariko bibaza igituma umuririmvyi Drama t atabonetse muri Party People, igiteramo gisanzwe gitegurwa na DJ Paulin, yarasanzwe azwi nka Manager wiwe.
Bamwe barimwo Nelly Nat asanzwe azwiko urusaku rwinshi cane, akaba aheruka gushikiriza ko bishoboka ko DJ Paulin atagikorana vya hafi na Drama t, ngo ari naco coba catumye uwo musore ataboneka muri Party People.
Bibaye arivyo, hakaba hozoba habaye nkivyabaye Kuri MB Data, aho nawe nyene bakoranye, ariko bagatandukana nawe, kuko habayeho ukutumvikana hagati ya Mb Data na Amir Pro.
Ibi Kandi bikaba mu gihe hakiriko harategurwa ibiteramo vy’umuririmvyi Drama t na bagenziwe Double Jay bizobera ku Mugabane wa Amerika ya Ruguru, neza neza mu gihugu ca Canada.
Bavanye ubu bikaba Kandi bizoba bibaye nkivyabaye Kandi Kuri MB Data kuko nawe nyene Bavanye hari umugambi wari uhari wo gukorera ibiteramo ku mugabane wa Amerika.
Kuva atanguye gukorana na Dj Paulin, Drama t akaba yaciye atangura kuvugwa hirya ni hino ko akenewe mu bihugu bitandukanye birimwo ivyo muri Africa, co kimwe n’ivyo ku mugabane w’uburayi.

















