BurundihomepagekirundiMédias

Amatora 2020 : Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru burashima uko abamenyeshamakuru bitwaye

 

Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru ngo burashimishwa n’ukungene igikorwa co gukurikirana amatora cakozwe mu runani rw’ibimenyeshamakuru n’amaradiyo asamiranira mu Burundi.

Ivyo ni ibishikirizwa na Frédéric Nahimana aramutswa ubwo bushikiranganji mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 4 Ruheshi umwaka w’2020.

Umushikiranganji Frédérick Nahimana yaboneyeho no kugabisha bimwe mu binyamakuru bikorera ku buhinga bwa none bitakurikije akarangamitima k’abamenyeshamakuru bakaza gutanga amakuru atatohojwe neza.

Uyo mushikiranganji atera akamo abamenyeshamakuru kubandanya batanga amakuru atohojwe neza kandi ateza imbere igihugu cacu c’Uburundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764