homepageDonard Trumpkirundipolitics

Amatora ya 2020 : Umugwi CENI ugiye gutunganya iyandikwa ry’abatashoboye kwiyandikisha muri 2018

Nk’uko bibonekera ku rwandiko umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI washize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Gitugutu umwaka w’2019, uwo mugwi CENI umenyesha ko ugiye gutunganya iyandikwa ry’abantu batashoboye kwiyandikisha mu mwaka w’2018 igihe hari himirije amatora y’ibwirizwa nshingiro.

Iryo yandikwa rikaba riraba ahanini abarundi batashoboye kwiyandikisha bari mu buhungiro ariko ubu batahutse mu gihugu cokimwe n’abandi bose batashoboye kwiyandikisha kubera imvo zitandukanye.

Iryo yandikwa rizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 9 kugeza kury’12 Kigarama uwu mwaka, umugwi CENI ugasaba abo batiyandikishije kwihutira kuja kurondera amakarata karangamuntu kugira bazoronke ingene biyandikisha.

Muri urwo rwandiko, umugwi CENI wibutsa ko iryo yandikwa ritaraba abataye amakarata y’amatora ko ikibazo cabo naco nyene kigiye gukemurwa mu misi ya vuba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755