BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Amatsiko ni yose ku bucuti Buri hagati ya Big Fizzo na Chany Queen

Chany ngo ntaronderera hamwe, ahubwo aratarataza buri gihe. Ivy’ivyo aheruka gushikiriza mu kiyago yagiranye na Indundi Tv.

Muri ico kiganiro,Chany yavuze ko atari irya mbere akina muri Film, kuko hari n’iyindi iri inyuma iriko iraza yakinyemwo. Aho yanavuze ko n’uwundi musi akazobona iyindi ngabire ngo azoyikoresha ukuri kwamye.

Chany yagize ati : “Erega n’ukuronderera hose. Navyakiriye neza, urabona ko umuntu aba ari umuririmvyi hama akaja no mu bindi vy’ama cinema, Biba biboneka ko ariko arakora, kandi afise impano nyinshi.”

 

Ntiyanaretse kuvuga ko yatangajwe cane n’ukubona Big Fizzo muri uwo mwuga, ariko ntiyashima kuvugira ku mugaragaro impanuro yoha uwo mukinyi mushasha w’amareresi, kuko we asanzwe abirambiyemwo.

“Naratangaye kuko sinarinzi ko afise iyo mpano nawe. Ntaco namubwiye [Big Fizzo], cagumye mu mutima, ico nzomusaba nzokimubwira turi babiri.”

Hakaba hataramenyekana Ubucuti Chany Queen yarafitanye na Big Fizzo muri iryo reresi. Chany yashimye kubigira ibanga ngo bikunde abantu bagumane amatsiko yo kumenya vyinshi muri iryo reresi.

Aha mukamenya ko iryo reresi ryoshizwe ahabona kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13/11, ariko bikaba vyimuriwe ku musi wa gatandatu muri ca kibanza nyene nkuko Kook k yabimenyesheje mu butumwa bwarungikiwe abamenyeshamakuru batandukanye basanzwe bakurikiranira hafi ivy’ubuhinga mvabwenge [Artistique].

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775