BurundiBusinessEconomyEnvironnementhomepagekirundi

Amazi asigaje isantimetero 50 kugira agere ahashikira ibidandazwa

Imiriyaridi zababa 2 z’amafaranga y’amarundi niyo akenewe kugira ikivuko ca Bujumbura kibangamiwe n’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika gisanurwe mu kurindirika ibikorwa vyo kucagura.

Umushikiranganji ajejwe ubudandaji yabishikirije, kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 19 Ndamukiza umwaka w’2021 igihe yari agiye kuraba ibimaze kwononekara kuri ico kivuko. Immaculée Ndabaneze yavuze ko vuba ibikorwa vyo gukingira ico kivuko bitangura. Amazi asigaje kuduga isantimetero 50 kugira agere ahashikira ibidandazwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766