BurundicultureÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Amazu ya kera afise ico yibutsa kuri kahise k’Uburundi agiye gushirwa ahabona

Amazu ashika 51 ya kera afise ico yibutsa muri kahise k’Uburundi akerekana ishusho nziza y’igihugu agiye gushirwa ahabona hamwe no ku rutonde rw’ubutunzi bw’isi mw’ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO rijejwe imico n’akaranga kw’isi.

Bishikirizwa n’umuyobizi mukuru w’imico kama n’ubuhinga Aimable Nkunzumwami, akaba yabishikirije mu nama ubushikiranganji bujejwe akaranga n’imico kama bufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO bwatunganije kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 21 Kigarama 2020.

Aimable Nkunzumwami yamenyesheje ko ivyo bizotuma ba mukerarugendo biyongera mu Burundi, n’igihugu kiharonkere akunguko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 766